Oasis Christian Center Burundi

Igikorane co guhimbaza isabukuru y’imwaka 12 ishengero Oasis Christian center rimaze.

Igikorane co guhimbaza isabukuru y’imwaka 12 ishengero Oasis Christian center rimaze.
Igikorane co guhimbaza isabukuru cari citabwe n’abakozi b’Imana bavuye mu mashengero atandukanye bo na bamwe mu bari mu nzego z’igihugu. Umwungere Nahimana Dieudonné yashinze intahe y’ingene yaronse iyerekwa yongera arerekana ivyo ishengero ryaciyemwo kuva ritangura gushika aho rigeze ubu.
Abungere b’ayandi mashengero bari ng’aho basengeye abo mw’ishengero OCC bose kugira Imana ibakomeze ku gikorwa yabahamagariye na cane cane ico gushikana ubutumwa mu mahanga.
Umwungere Nahimana Dieudonné ubwiwe yarambitsweko ibiganza vy’amavuta y’intumwa. Ahejeje kwakira amavuta mashasha, yasengeye abandi bakozi b’Imana mu ma bango atandukanye bagiye gukora mw’ishengero.
Ku rwego rw’abapasitori hasengewe umwe we nyene (1) ariwe Teddy-Claude Mbarushimana.
Ku rwego rw’abadiyakoni hasengewe batandatu (6) :
1/Armel Cimanishatse ,
2/ Christian Butoyi
3/ Naomi Leila Iteka
4/ Désiré Nininahazwe
5/ Edwige Jinama,
6/Ezéchiel Ndayihimbaze asanzwe amenyekanye cane mw’ishengero no mu gihugu ku gatazirano @Prince Mushindi.
Mu mpanuro yabatekereye nk’intumwa, apôtre Dieudonné Nahimana yababwiye y’uko bagiye gukorera abandi mu bugwaneza ata nyungu babitezeko.
Ico gikorane casozerewe no gusangira n’abari aho bose uturyoshe twateguwe n’umunyeshengero Ngabire Ange-Chanelle asanzwe ahingura mu gihe bahimbaza isabukuru.