Oasis Christian Center Burundi

Igikorane co musi w’Imana na Pst. Julienne KABANDA

Itanguriro 26 : 1-5; 12-15
Murabizi :”Ukwatura(confession)idafise ukwemezwa(conviction), ni umukino.”
Mu mwaka wo kwagukirwa, turarenza incuro ijana aho twahora ariko ugomba kuba uri convaincu
Iyo ar’umwaka wo kwagukirwa, dufise aho tubihera. Iyo bataratangura kukugirira ishari uba utaragukirwa. Hari ibintu twita ko biri négatif ariko biba bije kubw’impamvu kanaka: ntibiterwa n’aho uva biterwa n’aho Imana iguhamagarira gushika.
Yesaya 43:18
Yesaya yavuze ngo “Uhoraho agiye gukora ikintu gisha” Ntabwo ivyacu ari ikintu kigiye kwaduka, ariko birahari.
Muri vya bihugu bitanu ntitubirondera nk’ibintu biri kure, birahari. Ugomba kumenya gusa uburyo ubihagararamwo.
Umwami wacu Yesu yagiye gusenga imisi mirongo ine avuyeyo asohokana imbaraga. Client wambere yaronse ni satani! Aza azanye ubundi bwami amwereka kuko na satani hari ubwami afise.
Yesu aravuga ngo handitswe ngo…
Ikindi gihe, Yesu asanze abantu ibihumbi bitanu, aravuga ngo:” Ni mubagaburire” , atabanje no kubaza ibihari n’ibidahari, kuko yariko aravugira mu bwami kanaka! Ico kirere citwa ikirere co kwagukirwa. Iyo uri muri ico kirere, ibintu vyose abandi bibaza ko bidahari wewe urabibona.
Mu mwaka wo kwagukirwa, hindura ivyiyumviro, ubishire mu bwami bushasha. Muri buno bwami Yesu yavugiramwo, vyose bishobokera uwizeye. Ariko ukiri mu bwami ba Petero bakoreramwo ntivyakunda.
Isaka kugira ngo agire Rehoboti yari mu kindi kirere. Ibintu vyose ukorera mu bwami butari bumwe bwa Kristo biranka.
Ab’i kolosayi 1:13
Umugisha wawe no kwagukirwa kwawe mur’uyu mwaka har’ahantu biri, hari ubwami birimwo, tekana wemere uyu mwaka Yesu agutware mu kibanza cawe co kwagukirwamwo

1 thought on “Igikorane co musi w’Imana na Pst. Julienne KABANDA”

Comments are closed.